CNL isaba ubutungane guhagurukira ikibazo c-abanywanyi bawo baguma bafatwa hadakurikijwe amategeko.

0

Umugambwe CNL utangaza ko abanywanyi bawo bagera kuri 90 aribo bamaze guhagarikwa hadakurikijwe amategeko muri ay-amezi atatu aheze. Muri abo 90, nuko abagera kuri 9 bahagaritswe muri uku kwezi kwa Munyonyo 2021. Bikaba vyashikirijwe kuri uyu wa kane na Térence MANIRAMBONA, avugira uwo mugambwe.Terence Manirambona - UBM News |United Burundian Media| Amakuru agezweho  y'abarundi

Uwo avugira uwo mugambwe usanzwe muyikomeye mu batavuga rumwe  yemezako abo bahagaritswe bose nta mitahe yo kubahagarika  bahawe. Ikindi, imiryango yabo ntiyemererwa  kuja kubaraba aho bafungiwe.

Umugambwe CNL ugasaba inzego z-ubutungane ko zohagurukira ico kibazo kugira iyo ngendo igayitse ishobore gutuzwa mu gihugu citwa ko kigendera ku mategeko.