Abasirikare b’abarundi bo muri batayo ya 61 ya ATMIS bari mu mumubabaro n’agahinda vyinshi inyuma y’imisi itandatu ikambi yabo itewe n’abarwanyi bo mu muhari Al-Shabab , gushika ubu ibiziga vy’abagenzi babo bahasize ubuzima ntibirashobora kwegeranywa kubera ko ako gace kakigenzurwa n’abo bihevyi. Umwe mw’abo basirikare yacitse kw’icumu mu gitero ca Al-Shabab cabereye El Baraf, amenyesha ko Indege z’akajugujugu zo mu butumwa bwa ATMIS zaragerageje gukuraho abo barwanyi ariko biba impfagusa kuko baca bahungira mu banyagihugu baho maze bakabagira inkinzo.
Aho bacumbitse, Abasirikare b’abarundi bo mw’ikambi ya 61 ya ATMIS , bamenyesha ko batakigira ayo bacira n’ayo bamira . Abo bacitse kw’icumu bo mu gitero ca Al-Shabab co kuwa 3 Rusama uy’umwaka mu ntara ya El Baraf , bababazwa no kubona ibiziga vy’abagenzi babo baguye ku rugamba bitarahobora kwegeranywa bitewe nuko ako karere nubu kakigenzurwa n’abagize umuhari w’iterabwoba wa Al-Shabab. Umwe mw’abo basirikare yacitse kw’icumu mw’ico gitero arabivuga :« Abashababu baradukenyuye Kubera hegereye abanyagihugu maze bagaca babahungiramwo urumva bica bigorana rero kuko baca babagira boucliers. Gutora ibiziga vy’abagenzi bacu bishwe kuwa kabiri biracariko bitugora cane naho turiko tukoresha inguvu zacu zose kugira tuhabakure abo bashababu»
N’indege za Kajugujugu za gisirikare zaragerageje gukuraho abo bihevyi ariko biba impfa gusa. Biravurwa kandi ko uwararongoye iyo kambi ya ATMIS Lt.Col. Nestor Ndayiragije afise ibiharuro ndangakazi SS10 wo mu murwi wa 33 ry’ishure kaminuza ISCAM gushika ubu ntawuzi irengero ryiwe. Bikavurwa ko ashobora kuba ari mu basirikare batari bake bahasize ubuzima canke bagizwe imbohe n’uwo muhari w’abihevyi.
Vyongeye, Abo basirikare bo mw’ibatayo ya 61 barafise ubwoba ko bashobora guterwa kandi maze ntibashobore kwivuna bitewe nuko igitigiri cabo ari gito ndetse n’ibikoresho vyabo vya gisirikare vyarafashwe n’abarwanyi b’uwo muhari.«Bahejeje kudutera, baciye binjira indani mu kirindiro cacu niko guca bapakira ibirwanisho vyacu babishira mu miduga yabo , ibibagoye baca baturira. Turafise ubwoba kabisa ko nubu bashobora kugaruka bakadutera . Ikindi turavye abo twabuze turabona ko turi igitigiri gito cane tutohangana nabo» Niko umwe basirikare b’uburundi yacitse kw’icumu mu gitero ca Al-Shabab c’i El Baraf abandanya avuga.
Recent Comments