UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ibintu cumi vyiza wokora uri urwaruka bigatuma n’abandi benshi bipfuza kuba nkawe !

UBM News ads

Ugiye kuraba usanga m’ubuzima bwa buri musi umuntu abonamwo abantu batandukanye kandi bigasaba ko witwararika ubuzima urimwo kugirango uze ubeho neza, kurwaruka rwubu dufise ivyiza vyinshi dushobora gukora bikabera akarorero abandi.
kurongorwa

Tudatevye rero mubuzima bisaba ko wewe nyene ubwawe kugiti cawe ko ugomba kuba ufise ikintu kanaka kibera abandi akarorero. Izi ni ingingo 10 zogufasha kuba intangarugero kubandi;

1. Ja umenya ko umuryango wawe ari umugisha, uwufate neza uwubahe (uraba uwubahishije) kuko hari benshi bawubuze

2. Umuntu naguhemukira akagukorera ikibi ntuzureke kumubabarira niyagusaba imbabazi ahubwo uze umuhe ikigongwe kuko arivyo bizaguha amahoro mu mutima kandi n’uwo ubabariye ukaba umubohoye.

3. Ntukiruke ku vyagusize ahubwo uje ugerageza gukora neza ibisigaye.

4. Niwasaba Imana ikintu ukakibona uje wibuka kuyishimira ariko niyo utakibona uze wibuka vyinshi yagukoreye wumve ko nivyo utarishurwa ko hazogera igihe Imana ikabikwishura kuko Imana yishura kumwanya wayo.

5. uze ugerageza kugira imipango kandi wirukire ibifise akamaro.

6. uze ugira neza udashaka ko bakwemeza ahubwo ubikore kukumutima wawe ubikunze

7. uze wiyitaho, umenye ivyo ukeneye n’ivyagirira ubuzima bwawe akamaro umenye ko nta muntu wundi wabikumenyera nkawe ubwawe kandi incuti yawe ya mbere ni wewe ubwawe, nutikunda nta wundi uzogukunda.

8. uze ugerageza kubera abo mubana urugero, abo mwigana cangwa abo mukorana usange bose bakwita umwana mwiza kandi bagusabira umugisha.

9. uze uvuga ukuri kukurimwo igihe cose ubona ko hari ico kwakiza utitaye kuri bake bakuraba nabi kuko n’ubwo ukuri kubabaza hamwe kurakiza mugabo sivyiza kuvuga ukuri kose mugihe bitari ngombwa.

10. uze ufata umwanya uri wenyene wiyunvireho, utekereze aho wavuye n’ivyo waciyemwo, wibuke abo mwabinyuranyemwo, urabe aho ugeze maze bigufashe gutekereza ku hazoza hawe ndetse bigufashe no kuhategura.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments