UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Burundi : USAID yatanze imfashanyo y’umuriyadi umwe mu mafaranga y’amarundi

UBM News ads

Amafranga angana n’umuriyaridi n’ibice bitandatu vy’amafranga y’amarundi (1,6milliards fbu ) niyo igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika zahaye igihugu c’Uburundi. Ayo mafranga akaba azoshigikira mu guteza imbere ibisata bitatu : intwaro rusangi , agateka ka zina muntu hamwe n’intwaro ibereye muri kino gihe turiko turitegurira amatora yo mwaka w’2015.

abarundi news

Uwuserukira Leta zunzubumwe z’Amerika, Liberi Dawn, kw’izina rya Leta zunzubumwe z’Amerika ari kumwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Laurent kavakure hamwe n’uwuserukira ishirahamwe USAID, Maura McCormic, bakaba aribo batera igikumu kuri ayo masezerano.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Laurent Kavakure yashimye cane iyo mfashanyo yatanzwe n’igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika. Laurent Kavakure yamenyesha ko ayo mafaranga azofasha mu gushigikira guteza imbere agateka ka zina muntu no guhinyanyura amategeko bijanye, hamwe no gushigikira umurwi CNIDH kugira ushobore kurangura imirimo yawo neza. Kavakure yashikirije ko bazoshimikira ku nyigisho zizotegurirwa abanyagihugu n’abanyepolitike kugira amatora aze agende neza. Ayo mafranga azofasha kandi mu bikorwa vy’umurwi ujejwe gutegura amatora CNI.

Nk’uko umushikiranganji Kavakure yabandanije abishikiriza, ayo mafaranga azofasha ibimenyeshamakuru hamwe no guteza imbere ubushobozi bw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, mu gihe bakenera uburyo bwinshi kugira bakwirikirane ingene ubuzima bw’igihugu bwifashe na cane cane amatora. Kubwa Kavakure, ivyo vyose bigamije guteza imbere hamwe no gushigikira intwaro rusangi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments