Abakinyi b’umupira w’amaguru batowe ngo bazoje guserukira igihugu mw’ihiganwa rya Afrika ry’umupira w’amaguru CAN 2019 barabandanya gushika. Aha twovuga nka Enock Sabumukama, David Nshimirimana bakina mu gihugu ca Zambie, Elvis Kansoba akina mu gihugu ca Australie, umusatirizi Fiston Abdul Razak akinira mu gihugu ca Algerie, umunyegori Jonathan Nahimana akinira mu gihugu ca Tanzaniya n’abandi.

Abakinyi barenga mirongo ibiri b’Intamba mu Rugamba muri 28 batowe baramaze gushika kwimenyereza bitegurira guhiganwa n’ibindi bihugu vyashoboye gushika mu gice canyuma c’ihiganwa CAN 2019. Batanu muribo akaba ari bashasha bazanywe baravye ubunonotsi bwabo.
Kur’uyu wagatanu itariki 31 rusama kukibuga c’umupira citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore, intamba mu Rugamba zikazotana mu mitwe n’umurwi Aigle Noir y’i Makamba murukino rwo kwimenyereza no gutororokanya uburyo kubashaka guterere Intamba mu Rugamba. Uwo musi ukaba wiswe Intamba Day aho itike ryo guterere Intamba mu Rugamba rizogurwa ibihumbi 5000 vy’amahera y’amarundi.
Eka n’abaririmvyi ntibatanzwe kuza gushigikira Intamba mu Rugamba. Abaririmyi nka Vichou, Natacha, umurwi ndangakaranga Amagaba bakaba bamaze kumenyesha ko ariho bazoba bari kukibuga c’umupira w’amaguru Prince Louis Rwagasore. Uwo musi hakazoba n’amasengesho yo gusabira imigisha Intamba mu Rugamba mugihe bazoshika muri Misiri muri CAN 2019.





Recent Comments