Ibihugu vy’Uburundi na Ethiopia vyiyemeje ‘gukomeza imigenderanire’

0

Mu rugendo umukuru w’igihugu ca Ethiopia yahoramwo mu gihugu c’Uburundi, uwo mukuru wa Ethipia yamenyesheje ko igihugu ciwe kigiye gukomeza imigenderanire n’Uburundi.

Mu rugendo yatanguye ku musi wa gatatu, umukuru wa Ethiopia akaba yarurangije uyu musi wa kane.

Mw’itangazo ryasohowe na reta y’Uburundi rivuga ko igihugu ca Ethiopia cishimira intambwe Uburundi bugezeko mw’iterambere kandi ko imigenderanire na Ethiopia igiye gukomezwa.

Mwomenya ko intwaro ya Ndayishimiye bukebuke iriko ituma Uburundi bwugurukira amakungu bitandukanye no ku ntwaro y’umuhisi Petero Nkurunziza.

Ivyo bibaye kandi inyuma yaho Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesheje ko reta za Buraya zigiye gutangura kunagura imigenderanire yatosekaye mu mwaka wa 2015.