Imbonerakure zibiri zaraciriwe imyaka 15 yo gufungwa zagirizwa urupfu rwa Richard Havyarimana

0

Urwo rubanza rwaciwe na sentare isubiramwo imanaza ya Bujumbura mu ndwi iheze. Uyu witavye Imana akaba yitwa Richard Havyarimana umunywanyi w’umugambwe CNL avuka mu ntara ya Mwaro, akaba yitavye Imana mu kwezi kwa Rusama 2020.

Richard Havyarimana akaba yatwara umugambwe CNL kumutumba Mbogora komine Nyabihanga. Urwo rupfu rukaba ruri muri nyinshi abagwanira agateka kazina muntu basaba ko ababikoze bohanwa biboneka kugira ubwicanyi buhagarare.