Tuesday, December 6, 2022
HomeNewsHuman Rights Watch ibona ko ata mpinduka nimwe yabaye kuba Bunyoni...

Human Rights Watch ibona ko ata mpinduka nimwe yabaye kuba Bunyoni yasubirijwe na Ndirakobuca.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu kw’isi Human Rights Watch rirashima ingingo yo kubogoza uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain-Guillaume Bunyoni. Mw’itangazo iryo shirahamwe ryasohoye kuri uyu wa mbere, Lewis Mudge arongoye akarere ka afrika yo hagati muri iryo shirahamwe akanegura ariko ko uwamusubiriye muri ico kibanza ariwe Gervais Ndirakobuca afise amadosiye yagirizwa ajanye n’ihungabanya ry’agateka ka zina muntu mu Burundi. Lewis Mudge akabona ko iyo mpinduka ishobora kubandanya isubiza inyuma ibijanye n’iyubahirizwa ry’uburenganzira bwa kiremwa muntu.

Lewis Mudge ati :« Mw’ishirahamwe Human rights Watch turashima ko umuntu nka Bunyoni uzi nk’uwahungabanije ubuzima bwa kiremwa muntu akurwa mu mabanga , ariko ntidushima nuko Bunyoni yashizwe ku ruhande kugira ngo asubirizwe na Ndirakobuca. Mw’ishirahamwe ryacu, tubona ko ata ntambwe nimwe yatewe».
Human Rights Watch iributsa mw’urwo rwandiko yashize ahabona ko umushikiranganji wa mbere mushasha Gervais Ndirakobuca asanzwe yarafatiwe ibihano na Leta zunze ubumwe za Amerika co kimwe n’ubumwe bwa buraya kubera ko yagirizwa kuba ari mubahungabanije agateka ka zina muntu mu mwaka wa 2015 aho abiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Perezida Nkurunziza bahohotewe mu buryo butandukanye. Lewis Mudge avuga kandi ko hari ayandi madosiye y’ihungabanya ry’ubuzima bwa kiremwa muntu Gervais Ndirakobuca yagirizwa imbere yo mu mwaka wa 2015 ico gihe yarakora mu gipolisi no mw’iperereza.

Human Rights Watch rero ikibaza ibibazo bitari bike ku bijanye n’icoba catumye Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye ahitamwo Gervais Ndirakobuca kuba umushikiranganji wa mbere asubirira Alain-Guillaume Bunyoni, kuko kubwa Lewis Mudge avugira iryo shirahamwe muri Afrika yo hagati ngo umuntu aravye amajambo Perezida Ndayishimiye aguma ashikiriza ko ashigikiye iyubahirizwa ry’ubuzima bwa kiremwa muntu maze agaca ashira mu mabanga umuntu muri kahise yavuzwe mu mabi atandukanye ajanye n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu biza kuvuguruzanya.

Must Read

RDC: M23 yemeye guhagarika intambara no gusubira ku birindiro vyayo vya...

0
Umuhari M23 wemeye guhagarika intambara ndetse no kurekura ibice vyose uherutse kwigarurira biri mu buseruko bwa Congo, mu ntara ya Kivu y’uburaruko. Itangazo ryo kuri...