Ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi, HCR, ryasubiye kumenyesha ko uguhungura impunzi z’Abarundi ziva muri Tanzania ari ku bushaka bwazo.
Ivyo biri uko mu gihe Uburundi na Tanzania vyumvikanye ko uguhungura impunzi z’Abarundi zose ari igikorwa kibandanya gushika izo mpunzi zose zihereye mu Burundi zabishaka cane zitabishaka.

Ishirahamwe HCR ryitaho impunzi rimenyesha ko ‘mu misi ya vuba iheze habobetse uguhata cane impunzi z’Abarundi ngo zitahuke naho inzego za Tanzaniya zisubiyeko ziravuga ko uguhungura impunzi gukwiye gukorwa mu gateka ntangere ata guhatwa.
“Tubandanya dusaba leta zose uko ari zibiri[Tanzania n’Uburundi] kwubahriza agateka k’impunzi ku bijanye no guhunguka, hama zirabe ko bahungura impunzi mu gateka no mu mutekano ntangere”, niko HCR yamenyesheje.
HCR irangiza imeneysha ko uguhunguka ku mpuzni ari ku bushake, kandi ko ata gahato kazanwa nuwariwe wese ngo zihungurwe ku nguvu.





Recent Comments