Abaririmvyi batatu bakomeye cane bo mu gihugu ca tanzania aribo Rich Mavoko,Harmonize na Raymond bagiye kuza guteramisha abarundi nkuko amakuru dukesha umwe mu basanzwe bahagarariye abo baririmvyi ariwe Diamond
Abicishije ku rubuga rwiwe rwa facebook,Diamond akaba yamenyesheje ko abo baririmvyi uko ari batatu bagiye kuza guteramisha abarundi kw’igenekerezo rya 25/9/2016
Ikinyamakuru cacu ubmnews kikaba kibemereye ko kigiye kubashikiriza uko bizoba bimeze muri ico giteramo abo baririmvyi bo mu gihugu ca Tanzania bazoba baje gukora