UBM News ads

Muri Amerika naho huzuyeyo ba mayibobo-Evariste Ndayishimiye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Prezida Evariste Ndayishimiye ngo yahora yibaza ko atamunyamerika yoba mayibobo canke umunyabulayi,umuchinois asega ariko yarabiboneye.

Ndayishimiye avuga ati:”Muri Amerika nariboneye abanyamerika ba mayibobo barara mw’ibarabara mu bikaruto basa nabi cane,I Roma naho nasanzeyo uwusega ndamuha ama Euro 10.Mu buchinois naho nasanzeyo uwusega ndamusaba ko twifotozanya ndiko ndamuha amahera aca ariruka.”.

Mu kiganiro aheruka gukorana n’abahoze barongoye igihugu Domisiyano Ndayizeye na Slyvestre Ntibantunganya mu kirimba i kiriri kuwa gatandatu igenekerezo rya 14 kigarama 2024,Prezida Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko yipfuza ko abarundi bose batunga kuko ivyotuma bashika kuri iryo hangiro bihari vyose.

Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko agishika kubutegetsi yatumye intumwa muri amerika,Mu buchinois na singapour kuraba uko umunyagihugu waho abayeho,ateye imbere nuko babigezeko kugira amenye ivyo afatira kugira umwenegihugu w’umurundi nawe atere imbere.

Prezida Evariste Ndayishimiye yavuze ariko ko yiboneye abanyamerika barara kubikaruto,ba mayibobo basa nabi,abandi basega ibulayi mbere no mu buchinois.

Varisto Ndayishimiye yagize ati:”muri Amerika nariboneye amanyamerika barara kubikaruto,barara hasi basa nabi cane.I Roma naho narahaye ama Euro 10 uwusega mw’ibarabara, mu bu chinois naho uwusega namusabmvye ko twifotozanya ndiko ndamahuha amahera aca aravyanka ariruka.”.

Evariste Ndayishimiye asanga ivyoteza imbere uburundi bihari cane.Agira ati:”Dufise isi,imvura,ubutare ibi vyose bishobora guteza imbere umwene gihugu mu mwanya muto.”.

Imvugo y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye isigaye itangaza benshi kuko bikigoye gutera imbere mu gihe hibonekeza igiturire kurwego rwo hejuru kandi abasahura amatungo ya Leta ntibaheze ngo bahanwe,ikindi nuko ata ntwaro ibereye irangwa mu burundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments