UBM News ads

Paul Kagame aranegura abategetsi ba RDC badashaka kuganira n’umuhari M23

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’urwanda Paul Kagame ariyama abamusaba ngo M23 ishire ibirwanisho hasi.kubwiwe avuga ko iyo ufata abantu nabi ukabambura uburenganzira bwabo impera n’imperuka bigira ingaruka zikomeye.agira ati:«Na jewe vyansavye ko nfata ibirwanisho kugira mparanire uburenganzira bwanje».ibi yabitangaje ku musi w’ejo m’umugirwa wo kurahiza umushikiranganji wa mbere wa Leta y’urwanda n’abashingamateka ku musi w’ejo igenekerezo rya 14 myandagaro 2024.


Mu gihe ku musi w’ejo hari haramutse haba umugirwa wokurahiza umushikiranganji wa mbere wa Leta y’urwanda Edouard Ngirente hamwe n’abatowe kuyobora inama nshingamateka,umukuru w’urwanda Paul Kagame yaragarutse ku bantu bamusaba ngo m23 ihagarike intambara iyihuza n’igihugu ca Kongo.

Paul Kagame agaragaza ko icatumye bafata ibirwanisho ari gufatwa nabi ,akarengenganyo no kwamburwa uburenganzira bakorewe n’abarongozi ba Kongo ariko ibabaje abayegetsi ba Kongo ntibashake kuganira n,umuhari M23,akabona ko biteye iso
Paul Kagame yagize ati:«Mpora mvuga ko iyo ufata abantu nabi,ukabambura uburenganzira bwabo impera n’imperuka bigira ingaruka zikomeye.najewe ubwanje vyansavye guharuka nfata ibirwanisho kugira mparanire uburenganzira bwanje».

Igihe kinnini Umukuru w’igihugu c’urwanda Paul Kagame yagiye yagirizwa n’amashirahamwe mpuzamakungu atandukanye kuba ashigira umuhari M23 urwanira mu karere k’ubuseruko k’igihugu ca RDC.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments