UBM News ads

Hagiye kubakwa ibibanza vy’iratiro i Bugarama,songa,Mboza,heha-Evaritse Ndayishimiye.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Prezida Evariste Ndayishimiye amenyesha ko hagiye kubakwa ibibanza bikomeye vy’iratiro i Bugarama no ku misozi ya Heha,Mboza na Songa kugira haboneke ingenzi nyishi mu Burundi.

Varisto Ndayishimiye akavuga ko amahera agiye kwisuka mu burundi cane mbere n’ikigega ca Leta kizoba cuzuye.

Mu gihe kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 16 Munyonyo 2024 ariho hasozerwa indwi yahariwe kwibuka intwari,Prezida Evariste Ndayishimiye yari yitavye ivyo birori mu ntara ya Gitega agirako amenyesha ko hagiye gukorwa umugambi wo gukwenga ba mukerarugendo benshi mu Burundi kugira hinjire amafranga mu kigega c’igihugu.

Varisto Ndayishimiye yamenyesheje ko hari ibibanza vy’iratiro bikomeye cane bigiye kwubakwa vuba i Bugarama,ku misozi ya Heha,Mboza na Songa ibizoheza bigatuma amafranga yinjira mu gihugu ari menshi cane.

Evariste Ndayishimiye agira ati:”harya i bugarama birya bizu vyose tuzobisenyura tubisamburetwubake inzu nshasha,hazoba ikibanza c’iratiro gikomeye cane.”

Arongera ati:”Aha jewe nifitiye vision!Ariko usanga hariho abadafise imbono.Abanyabujumbura mumbikire Mboza jewe ndahiyubakire.”

Prezida Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko abona amafranga menshi agiye kwisuka mu Burundi aca asaba abari ngaho kwitegurira neza imbonakazoza ya 2040-2060.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments