UBM News ads

Leta y’uburundi iriteguye kwakira imirwi y’abarwanyi b’abarundi bari muri kongo yemeye gushira ibirwanisho hasi-Huang Xia.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Leta y’uburundi yiteguye gutahukana no gusubiza mu buzima busanzwe imirwi y’abarwaganyi b’abarundi bari muri Kongo bemeye gushira ibirwanisho hasi.

Ibi bishikirizwa n’intumwa y’umunyamabanga mukuru wa ONU mu karere k’ibiyaga binini Huang Xia mu kiganiro bagiranye na Prezida Evariste Ndayishimiye mu kibimba kuwa 17 munyonyo 2024.

Mu rugendo yari amazemwo imisi,intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU mu karere k’ibiyaga bini Huang Xia yamenyeshe ko yaganiriye na prezida Evariste Ndayishimiye k’uruhara rwiwe mu kugarukana amahoro n’umutekano mu karere cane cane muri Kongo ahavurwa ihungabana ry’umutekano. Abicishije kurubuga rwiwe x(twitter),Huang xia avuga ko ahanini banaganiriye ukuntu hotahukanwa imirwi y’abarwanyi b’abarundi ibarizwa muri kongo yemeye gushira ibirwanisho hasi ikaba yipfuza gutahukanwa mu burundi.

Huang Xia akaba avuga ko Leta y’uburundi yiteguye kubatahukana no kubasubiza mu buzima busanzwe kandi ONU izoshigikira utwigoro twose twokorwa kugira aba barundi batahukanwe.

Mu kwezi kwa Gitugutu 2024 Huang Xia yari yatangaje ko hari abarwanyi b’umuhari FNL bari muri kivu y’ubumanuko bagiye gutahukanwa,akaba yabishikirije mu nama y’umutekano yiga kubibazo biri mu biyaga binini.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments