Gelase Ndabirabe avuga ko abacamanza basaba ko haba ubwigenge bagiye kusubirizwa n-abacamanza bo ku mitumba.

0

Mu rugendo yaramazemwo iminsi mu ntara ya Makamba, umukuru w-inama nshingamateka  Daniel Gelase Ndabirabe yavuze ko bitazigera bibaho ko ubutungane bw-uburundi bwigenga ,  arongera akamenyesha ko ubutegetsi  butegerezwa kugira ico buvuze ku ngingo zifatwa n-ubutungane. Uwo mutegetsi aragabisha kandi ku mucamanza wese ashaka ko haba ubwigenge mu bucamanza  yitegure gusubirizwa n-abaca imanza zo ku mugina ku mitumba kuko ngo barabishoboye nabone.May be an image of 3 people, people sitting and indoor

Umukuru w-inama nshingamateka avuga ko ubutegetsi buretse abacamanza bakitorera ababaserukira, umukuru w-igihugu nta jambo  na ritoya yosubira kugira, ikindi ngo nta  demokarasi ishobora kubaho mu bucamanza.

Bamwe mu bize ivy-amategeko ndetse bakaba barakoze mu butungane bamenyesha ivyo vyavuzwe na Gelase Ndabirabe ngo  biteye isoni  cane kubona mu mwaka w-2013 mu nama rukokoma y-ubutungane hari hapfunditswe ko abacamanza bategerezwa kwigenga , bakagira indongozi zabo bitoreye kandi  bizeye . Ikindi kivurwa n-abo bize ivy-amategeko, n-uko ivyashikirijwe n-umukuru w-inama nshingamateka vyerekana neza ko ubutungane bw-uburundi bikiri kure ko buva mu kwaha kw-ubutegetsi bushobore  kwigenga  bufate ingingo atagitsure c-ubutegetsi kibayemwo.