UBM News ads UBM News ads
Sunday, April 21, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Gelase Ndabirabe ategeka ko abajejwe intwaro bose bategerezwa gukorera hamwe n-abarongoye CNDD-FDD vyanka bikunda.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w-inama nshingamateka y-uburundi , Daniel-Gelase Ndabirabe yatanze itegeko ko abajejwe intwaro bose hamwe n-abarongoye umugambwe watsinze amatora  bategerezwa gukorera hamwe. Agategeka ko uwo azobona ko bidakunda gukorana n-uwundi ngo azoce atanga imihoho. Uwo arongoye inama nshingamateka yabishikirije kuri uyu wa mbere igihe yari mu ntara ya Kirundo mu kiganiro yagiranye n-abarongoye intwaro muri iyo intara.Image

Imbere yabo barongoye intwaro  mu ntara ya Kirundo, Ndabirabe yabivuze uku:«Kuvuga ko buramatari n-uwurongoye umugambwe watsinze amatora , abo bantu babiri  ntibazigere na rimwe  bavuga ibitandukanye, baje inama bubake  intara. Mububahe aba ni ijisho ry-umukuru w-igihugu , ni ijisho ry-umunyamabanga mukuru w-umugambwe watsinze amatora. Umugambwe niwo uzana ivyiyumviro, umugambwe none watsinze amatora ugaca urungika ya migambi  muri Leta kugira ngo ishirwe mu ngiro. Ndababwira rero yuko, ukwo bimeze mu ntara niko bimeze mw-ikomine.Ni nako biba ku mutumba. Kuko mwese mukomoka kuri babantu babiri twavuze»

Uwo asanzwe arongoye urwego rwo mu gihugu rukomeye rutora rukongera rukemeza amategeko agirako agabisha uwo wese atokwirikiza ivyo yashikirije ko yoca yihutira gutanga imihoho. Abivuga uku:«Mutegerezwa kuvuga rumwe Vyanka bikunda ! Nyimba wewe wumva ko hari ikintu utokwemera uce uvamwo»

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments