Thursday, September 21, 2023
No menu items!
HomeNewsGaston Sindimwo ubwenge bwamucanze'' ubu ngo yimirije gufata uwamuhakije kumwica akoresheje...

Gaston Sindimwo ubwenge bwamucanze” ubu ngo yimirije gufata uwamuhakije kumwica akoresheje i cuma gifata amasanamu

Amakenga ni menshi mu ba JRR bapfungiwe mu biro vy’igiporisi Kijejwe amatohoza BSR, mu gihe bagiriza Gaston Sindimwo kubandanya ategura kubaremeka inteba ishushe ko aribo bamuteye amagerenade ku muhana iwe.

Amakuru ava mu baporona, avuga ko uwitwa Didier umukozi wo ku Mugumya ndetse asanzwe anacuditse rwose na Gaston Sindimwo ari kumwe n’umuporisi ari mu bacunze iyo nyubakwa , baroye kuramutsa uwitwa Fabrice Shurweryimana apfunzwe yagirwa kuba yashatse kugandagura Gaston Sindimwo, bamushikiriye baca bashaka kumufata amasanamu, ariko uwo Shurweryimana aba yabibonye kera, baca baja muvyo kurwanira ico gikoresho gifotora, aba akize ukwo. Ayandi makuru, avuga ko Gaston Sindimwo atazi neza uwo Shurweryimana Fabrice, ari naco gituma yoba yararungitse abaja kumufotora, kugira abone neza ko uwo yagiriza yoba ari we vyukuri.

Eka mbere, tukabamenyesha ko n’umushingwamanza w’abo basore bapfunzwe Kezimana King Hermes asaba ko borekurwa kuko atakibagira. Ikindi mwomenya akaba ari uko, hamaze kugaragara ibimenyetso bitari bike, ko abo bapfunzwe boba bazira umukeko, mu gihe abamaze kuronderwa na Gaston Sindimwo bose kugira baje kubagiriza ko aribo bashatse gutuma yereka umukondo ijuru, boba basubira inyuma batanabamenye.

Bamwe bakavuga ko ari nka wa mugani ugira uti :’’Urubuze inkware ruvumbukana igihuna’’, kuko vyavugwa ko hoba hari umugambi wo gufata bamwe mu bashingamateka ba UPRONA nka Busokoza Bernard, Karori Nditije, Gasutwa Bonaventure, Gloriose Ntawe, Manwangari Jean Baptiste n’abandi ba JRR bagirwa ibijanye n’ayo ma gerenade yatewe kwa Gaston Sindimwo, ivyo ndetse bikaba vyaranavugiwe mu kiganiro Karori Nditije yahaye abamenyeshamakuru ku wa 28 Ntwarante uyu mwaka.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments