Ino n’inkuru ndende cane ” Niyumukobwa Alice aba mu Rwanda ” ivuga ukuntu yagiye mu kuzimu ajanweyo nijini hamwe n’ibintu bikomeye ndetse biteye ubwoba yahuriyeyo, ndagusabe nubwo ari ndende uze kuyirangiza kuyisoma kuko uraza kumenya vyinshi vyihishije bibera hano kwisi.
Nitwa Alice nkaba navukiye mu Rwanda, Navutse mu muryago w’abana 9 mvuka arijewe nd’umukobwa jenyene, Nabashije kurerwa n’abavyeyi banje igihe kingana n’imyaka 10, Mu mwaka wi 1994 iwacu barapfuye, umuryango wacu wose barawica barawumara ariko jewe jenyene nije nasigaye kuko narokotse jenyene.
Mu mwaka wi 1995 naje kubona muvyara wanje yari yatanguye kundera nk’impfuvyi isigaye, uwo muvyara wanje yarandeze igihe gitari gito ariko nari ndwaye indwara yo guceceka, sinavuga kubera ibibazo vyabaye mu ntambara canke se kubera ibibazo nabonye muri Genocide yo mu Rwanda, Ivyo bibazo nabonye vyanteye guceceka cane nkarira sinshobore kuvuga.
Muvyara wanje yashatse ikintu cotuma mera nk’abandi bana, ubwo abona ko kuzontanguza kwishuri ko arico kizotuma nezerwana n’abandi bana nkamenyera ubuzima nk’ubw’abandi, uwo muvyara wanje yatanguye kumbaza ko nshobora kuja kwiga, nanje naramwemereye dufata urugendo tuja kw’ishuri ryari riri hafi yo mu rugo cane, tugezeyo twaje kwinjira mu biro vya Directeur ,nabonye ikintu gikomeye kandi cantangaje ! Nahuye n’umwana asohoka mu biro, asohoka antwengera kandi andamutsa cane nk’uwunzi, Yambajije ijambo rimwe ati Witwa nde?” ndamusubiza nti:”Nitwa Alice” nawe aherako arambwira ngo nawe nyene yitwa Alice, yarambajije ko nje kwiga nanje ndamwemerera ati: Nje kwiga.
Ako kanya muvyara wanje yahise ankwega kuko yashaka gusubira ku kazi, twagiye kwa Directeur aranyandika, andungika mw’ishuri , nsohotse nsanga wa mwana yandindiriye ku muryango arongera arandamutsa , arongera ambaza uko nitwa ndamubwira ngo :” Alice ” arambwira ngo nanje nitwa Alice, ambaza umwaka nje kwigamwo , mubwira ko nje kwiga mu mwaka wa mbere.
Yamfashe ukuboko arambwira ngo tuje mwishuri , Twahise twinjirana turi kumwe, tugezeyo nakomeje kubona ibintu bisa n’ibitangaza kuko nasanze intebe zose zuzuyeho abanyeshuri ariko hariho intebe imwe itariho n’umunyeshuri n’umwe, ubwiwe yambwiye ko ariho tugomba kugenda kwicara kandi ambwira yuko yari azi kw’aringombwa ko nari kuzoja kwiga muri ico kigo kuko ngo nijewe yari arindiriye, Twatanguye ivyigwa turiga ariko kwiga kwanje niga ndi umuswa cane ( Atabwenge bwinshi nfise ) Ariko icantangaza cane nuko mu gihe co gutanga amanota nahora nsanga nagize amanota meza.
Iyo twaja mu bibazo vy’ishuri ( Exams) , naza kubona nkabona urupapuro rwiwe ruraje, nkabona bampereje urupapuro ruriho inyishu zose vy’ibibazo vy’ikizami cose ariwe urundungikiye nanje ngakoporora, twabanye na Alice ariko ashakisha kumenya ubuzima bwanje bwose, ndetse bituma mubwira ubuzima bwanje bwose nta na kimwe nisigarije. Aramenya, amenya imibereho yanje yose, ariko yaza akunda kumbaza ijambo rimwe, iyo twahura yarambaza ngo:” Nikihe kintu cakubabaje mu buzima? Nkamwishura ko mu buzima ari uko nabaye impfuvyi nkiri umwana simbashe kugira igihe co kurerwa n’abavyeyi banje, ico nico kintu cambabaza cane ku mutima wanje.
Alice twarabanye ashaka kumara umubabaro wose nari mfise, akagerageza kuntembereza anyibagiza ivyambayeho mu ntambara,Twabayeho muri ubwo buzima hakaba ubwo yaje kumbwira ko azontembereza muri Week-End, Alice tubana nzi ko ari incuti yanje y’amagara imba hafi, akarushaho gushaka kumenya wese yamara jewe nkumva gushaka kumumenya ntaco bimbwiye, Iyo twaba tutari kumwe numva mfise vyinshi vyo kumubaza, ariko twamara guhura vyose nkavyibagira, twamara gutandukana vyose nkongera nkavyibuka, twakongera guhura vyose nkongera nkavyibagira, kugeza igihe c’amezi atandatu tumaranye niho nahuye n’ingorane zikomeye cane arizo ngiye kubabwira.
Amezi atandatu ashize tumenyanye, Alice yaje kw’ishuri ari mu gitondo, aza mw’ishuri ariko mbona afise umubabaro mwinshi, ageze aho narindi ngerageza kumubaza ikintu camubabaje arambwira ngo ntacamubabaje ahubwo ico ashaka n’uko nja kumutemberera iwabo uwo munsi, Hari umunsi wo kuwa kane kandi twari dufise icigwa cibiharuro, kandi ibiharuro jewe ntavyo numva, Nagerageje kumusobanurira ko bidashoboka bitewe n’uko isomo dufise jewe ko ntaryumva, nawe aransubiza ngo ico ashaka suko ndamubwira ko ntamutemberera ahubwo ico ashaka nuko mubwira ko ndi buze kumuraba . Muri uko kumbwira kwe, yavuze ko yasize iwabo banyiteguriye, ndetse yongeraho ko yasize banyiteguye saa ine ko kuri iyo saha ngomba kuhagera.
Naje kumuhakanira ariko nawe akomeza kunyinginga, ambwira amajambo menshi, naje kuza kwisanga namaze kumwemerera ngo ” ego ndaza kumuraba ” yaratwenze arangije anyaka ikoti ryanje arigereka ku ryiwe hanyuma ahita asohoka yihuta aja mu biro vya DIRECTEUR, amaze kugerayo umwana yararenvye aratitira ahinda umuriro mwinshi no kuvuga biramunanira.
DIRECTEUR abibonye agir’ubwoba bwinshi kuko yasa n’umuntu umaze igihe kinini arwaye, yamubajije ijambo rimwe ngo:” Mbese hari umwana uzi iwanyu ngo kumbure ndamuguhe aguherekeze? Alice aherako aravuga ngo :” Alice twigana arahazi”. Directeur yahise antumako, nanje mfunguye urugi yahise ambaza ngo :” UZI IWABO WA ALICE? ” Ndamusubiza nti NDAHAZI, Ariko uko vyanshitse nkavyemera simbizi ! Yahise anyandikira urupapuro rwuruhusha , aravuga ngo nimuherekeze kandi singaruke nzogaruke kwiga ejo, Navyakiriye neza rero kuko ngiye mfise uruhusha rw’ubuyobozi, Namutwaye nk’umurwayi umaze igihe kinini aremvye kuko uko kuremba nanje vyarantunguye, yamara nariyumanganije ngo Directeur atabona ko nanje vyantunguye.
Twaramanutse duca kuri STADE AMAHORO , buhoro buhoro tunyura aho bita kuri Demarrage, tugera mu GIHOGERE munsi y’Urushengero rwa ADEPR Paroisse ya REMERA, Tugeze neza neza munsi y’urwo rushengero, Alice arambwira ngo nindangiza ndabe imbere, ndabikora sinagira umuntu mbona, Arambwira ngo ninongere mbikore incuro yakabiri , nubundi ndongera ndabikora sinagira umuntu n’umwe mbona, Nawe yarahindukiye ntiyagira uwo abona, arangije akuramwo ikoti ryanje ararimpa arangije araseka, arambwira ngo nagirango ngufate twigendere kuko jewe sinigeze na gato ndwara, vyarantangaje ariko kuko nibwira ko ndiho ntariho iyo nza kuba umunyabwenge mba naritaye kuri ivyo bintu akoze, ariko sinavyitayeho kuko nari narapfuye mpagaze.
Ushobora kugenda kwisi ukabaho nk’abandi ariko yamara warapfuye uhagaze, wewe ukabona ko uriho yamara utariho kuko uba uri umupfu igihe cose udafise amaso akwereka iciza n’ikibi. Ayo maso rero nanje ntayo nari mfise kuko nari narabaye impumyi mu minsi yose namaranye na Alice kingana n’amezi atandatu yose, Kuri uwo munsi Alice yantwaye ubwenge mbona ko ivyo akoze ari ibintu biri SPECIAL ahubwo ko nanje akwiye kubinyigisha kugirango nanje nje mbona uruhusha mu buryo nawe yarubonyemwo.
Twamanutse buhoro, hakaba ubwo tugera ahantu akansaba ko twicara, tukicara ntitugire ikintu tuvugana, ubundi ati :” Duhaguruke tugende, twagera ahandi ati :” Duhagarare, tukabandanya tugenda muri ubwo buryo buhoro buhoro, Naje kwisanga nsanga tuza turi mukaburi ( i Remera ) aho bahamba abapfuye, kuko mukaburi hagati harimwo inzira ija hakurya mu mazu y’ahitwa za ( KIBAGABAGA ), nyene muravyumva twava i REMERA tuja za KIBAGABAGA , nanje nkibwira mumutima ko iyo hakurya za KIBAGABAGA ariho iwabo wa Alice.
Twageze mu kaburi hagati na hagati saa ine zuzuye, kandi mwibuke ko yari yambwiye ngo iwabo batwiteguye saa ine zuzuye, akaba ari nayo mpamvu yantebesha mu nzira, tukagenda twicara agirango bihurirane n’iyo saha tugeze neza na neza mukaburi yaho i REMERA.
Ubwo saa ine zuzuye tugeze ngaho mukaburi ( aho bahamba abapfuye ) , nagiye kubona mbona arahindukiye,arandaba nanje ndamuraba, mbona afise umubabaro mwinshi, arangije arahindukira araba inva yariko umusaraba iruhande rwacu, amaze kuyiraba nanje arongera arahindukira arandaba ariko icagiye kuntera ubwoba cane nuko…………………….
” Ese uribaza ko ari igiki cakurikiyeho ? Ntuze utangwe no gusoma igice cakabiri gikurikira cino nkuru ya ” Alice ” aho uzoshobora kumenya vyinshi biteye ubwoba ndetse bitangaje vyamushikiye ” Inkuru yigice cakabiri uzoyisanga hano nyene kukinyamakuru cambere c’abarundi gikunzwe n’abarundi benshi cane baba hano muri America ” UBM News ”
Recent Comments