UBM News ads

Gaëtan zongo yongewe ikiringo c’umwaka naho uburundi butamushaka

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuhinga wa ONU ajejwe agateka ka zina muntu ku Burundi yongewe ikiringo c’umwaka kugira akurikirane uko agateka ka zina muntu kifashe mu burundi.

Ibi bivuze ko agateka kazina muntu kifashe nabi mu gihugu naho leta y’uburundi ibihakana,mbere ikagiriza Gaëtan zongo gukora raporo z’ibinyoma

Mu nama igira ya 60 igejwe agateka ka zina muntu I Genève mu bu suisse yaraye yongeye ikiringo c’umuhinga wa ONU ajejwe agateka ka zina muntu ku burundi Fortuné Gaëtan Zongo kugira abandanye akwirikirana uko agateka kazina muntu mu burundi.

Leta y’uburundi yakomeje kwiyamiriza iyi ntumwa ya ONU iyagiriza ko ihengama muvyegeranyo ishikiriza ku burundi.

Elissa Nkerabirori,intumwa yamaho y’uburundi muri ONU yariyamirije raporo ya Gaëtan zongo asaba mbere ko ikiringo ciwe kitokongerezwa.

Ibi rero kuba yongewe ikiringo bivuze ko agateka kazina muntu gacumbagira mu gihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments