Floris agiye gushira ahabona indirimbo 4 zikurikirana

0

Umuririmvyi akongera akaba umuhinyanyuzi ariwe floris agiye gushira ahabona indirimbo ziwe zigera kuri zine mu minsi ya vuba nkuko yashoboye kuvyiganira ikinyamakuru cacu ubmnews
floris
Ikinyamakuru cacu ubmnews kiganira nuyo muririmvyi asanzwe aririmba indirimbo zihayagiza Imana ariwe Floris akaba yarashoboye kutubwira ati:mu minsi ya vuba ngiye gutangaza abantu mu gushira ahabona indirimbo zigera kuri zine,indirimbo nizera ko zishobora gukundwa n’abakunzi b’umuziki ndundi,
Twaramubajije ari ryari izo ndirimbo azoshobora kuzishirira ku mugaragaro,Floris akaba yatwishuye ati:sinovuga umunsi n’isaha ariko ico nzi gusa nuko nzozishira ahabona mu ntango z’ukwezi kw’umunani,izo ndirimbo nazo akaba ari:Ca moyoni,sambamba,Neno moja hamwe na live your life

Tworangiza tubamenyesha ko Floris asanzwe anaririmba mu mugwi H4C