UBM News ads

EurAc: ‘Ingingo y’Ubufaransa yo gusubira gufasha Uburundi ntishigikiwe n’Ubumwe bwa Buraya’.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu gihe igihugu c’Ubufaransa cafashe ingingo yo gusubira gufasha leta y’Uburundi mu vy’Uubutunzi, ishirahamwe ry’Abanyaburaya ryataho ibibazo vya Afrika yo hagati, EurAc(European Network for Central Africa) ryiyamirije iyo ngingo y’Ubufaransa.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona kuri uyu wa 25 Mukakaro 2019 na EURAC hamenyshejwe ko ‘ingingo y’Ubufarsansa yo gusubira gufasha leta y’Uburundi idashigikiwe n’Ubumwe bwa Buraya’.

“Ugusubira kuvyura imigenderanire kw’Ubufaransa n’Uburundi mu bijanye no gufashanya bituma Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya riboneka ko ritagira inguvu kandi bituma igihugu c’Ubufarsansa kibonwa nabi ko kititaho ibijanye n’agateka ka zina muntu”, niko Eurac yamenyesheje.

Igihugu c’Ubufaransa kikaba kigiye kuza kirafasha leta y’Uburundi mu bijanye n’igisirikare, ivyo benshi mu batavuga rumwe na leta biyamiriza bivanye n’impamvu bavuga ko inzego z’umutekano z’Uburundi zagirizwa guhungabanya agateka ka zina muntu.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya harimwo igihugu c’Ubufaransa ryahagaritse gufasha leta y’Uburundi burundu guhera mu mwaka wa 2016.

Kuva ico gihe , leta y’Uburundi ibwirizwa kwitunganiriza ibikorwa vyayo ku buryo bwayo n’amafaranga yabwo bwite.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments