Ibihugu vy’uburundi na Tanzaniya bisabwa n’umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC kuba vyashize mu ngiro ivy’itunganywa rijanye n’itumanatumanako ry’amakuru gushika kw’igenekerezo rya 30 Myandagaro 2023, nkuko vyasezeranywe mw’ishirahamwe ry’umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC.
Iryo tunganywa rijanye no gushing ibiciro bimwe vyo guhamagarana ku mihora ya terefone ku bihugu bisanzwe biri muri EAC, nkuko vyateweko umukono n’abakuru b’ibihugu bigize uwo muryango mu 2015. Uburundi na Tanzaniya bisabwa kandi kwerekana aho bigejeje mw’ishirwa mu ngiro ry’iryo tunganywa mu nama y’abakuru b’ibihugu bo muri EAC yimirije kuzoba mu misi.
Nkuko tubisoma ku rubuga rw’ikinyamakuru Agence Ecofin, Ivyo uburundi na Tanzaniya bisabwa ngo ni mu ntumbero yo kugabanya ibiciro vy’itumanatumanako hamwe no kwongereza ivy’itumanatumanako muri EAC, hamwe no guteza imbere abanyamitahe bakorera muvy’itumanatumanako mu bihugu bigize EAC. Ibindi bihugu bigize EAC nka :kenya, Rwanda, Sudani y’Epfo na Uganda.