Abarundi barenga 300 baturuka mu ntara za Cibitoke na Bubanza barahunze baja muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo ku mvo y’uko banyazwe amatongo yabo na Leta nkuko babivuga. Bakaba bashikanywe mu kibanza c’ahitwa I Sange , muri Uvira mu ntara ya Kivu y’ubumanuko.
“Leta yacu yaratunyaze amatongo yacu. Ntidushobora kuja mu mirima yacu. Ntidushobora kuja mu mirima yacu. Nta kindi cari gisigaye kuri twebwe” bivurwa na bamwe mu bavuganye n’ikinyamakuru Sos Médias Burundi.
Ayo matongo abo banyagihugu bavuga ko banyazwe ari i Mabayi, i Nyarure, mu Rugombo, i Mbazamiduha mu ntara ya Cibitoke no mu kibira ca Rukoko mu ntara ya Bubanza. Uwujejwe ikibanza impunzi zishikiramwo i Sange avuga ko abasaba ubuhungiro nka bose bahuriza ku kintu kimwe :”kuba baranyazwe amatongo yabo”
Abajijwe n’ikinyamakuru Sos Médias Burundi ico abivugako, Buramatari w’intara ya Cibitoke Carême Bizoza arabeshuza ivyo bintu. Avuga ko leta yatwaye amatongo yayegukira . Bizoza agatanga akarorero k’amatongo y’i Nyarure n’i Mbazamiduha. Nayo Buramatari w’intara ya Bubanza asigura ko ayo matongo ari muri zone iriko iraberamwo imyimenyerezo ya gisirikare.