Doudou Diène: ‘Ni Imbonerakure Zitera Ubwoba Abanyagihugu’.

5

Umwe mu bagize umugwi wa ONU ujejwe gukora amatohoza ku mabi yabaye mu Burundi, ariwe Doudou Diène, mu kiganiro yahaye Iradiyo y’Abafaransa RFI, yagize ico avuga ku biriko biba mu Burundi na cane cane ku biheruka kuba vy’ubwicanyi bwahitanye abantu bashika ku 26 mu ntara ya cibitoki.

Doudou Diène yamenyesheje mu majambo ataza agwa neza Leta y’i Bujumbura ko uko ibintu vyifashe mu Burundi biza vyunyurwa n’uko intwaro y’Uburundi ivyifatamwo. “Mu kutareka ngo twishikire ku rubuga kwirabira uko ibintu vyifashe vy’ukuri, Leta y’Uburundi ntaco ifise co kwireguza“, niko Doudou Diène yamenyesheje.

Doudou Diène, ari mu mugwi washizweho na ONU usanzwe utemerwa neza na leta y’i Bujumbura yabandanjie ati: ” Mu Burundi hari ukunyuruza abantu , na cane came ikibabaje kuruta bigakorwa n’abajejwe umutekano n’Imbonerakure zitari urwego rw’igihugu ariko ibikorwa vyabo bikemerwa kandi bigafatwa nk’ibisanzwe.

Doudou Diène yabandanije amenyesha ati: “Imbonerakure arizo zitera ubwoba avanyagihugu kandi ibikorwa vyabo ntibihanwe. Turibaza ikibazo igituma umukuru ahambaye w’Imbonerakure aheruka kugenwa kuba umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu[Ezeckiel Niragira] w’Uburundi”.

Ico kiganiro ca Doudou Diène kuri RFI nticanezereje aba na bariya bo ri muri Leta y’Uburundi atari ukuza yunyura ukutizera uwo mugwi washizweho na ONU ngo ukore amatohoza ku Burundi, aho mu biro vy’umukuru w’igihugu baciye bamenyesha ko ‘imvugo ya Doudou Diène ije igomba gucafuza amatora yo kuwa 17 rusama 2018’.

5 COMMENTS

  1. Thanks for your marvelous posting! I actually enjoyed reading it,
    you’re a great author.I will ensure that I bookmark your
    blog and will eventually come back from now on. I want to encourage
    you to continue your great writing, have a nice weekend!

  2. Hi, i think that i saw you visited my site so i came to “return the favor”.I am trying to find things to enhance my web site!I suppose its ok to use some of your ideas!!

  3. Hmm it looks like your site ate my first comment (it was extremely long) so I guess I’ll just sum it up what I had written and say, I’m thoroughly enjoying your blog. I as well am an aspiring blog blogger but I’m still new to the whole thing. Do you have any tips and hints for newbie blog writers? I’d genuinely appreciate it.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here