Chris Biz ngo bamwitege n’ikintu gishasha

0

Umuririmvyi w’umurundi asanzwe ava mu ntara ya Gitega ariwe Chris Biz agiye gusohora iyindi ndirimbo vuba,indirimbo izoba ije isubirira iyindi ndirimbo yaraherutse gusohora,indirimbo yitwa ”Abantu”
Nkuko rero uyo muririmvyi yashoboye kubishikiriza ikinyamakuru canyu ubmnews yavuze ko yahisemwo gusohora iyindi ndirimbo kugira ngo abantu bagume babona ko abandanya akora n’inguvu nyinshi,nyaburyo ubu umuziki ari kuguma ukora nkuko abaririmvyi bamaze kubigira umwuga babikora
chris

Tumubajije aho agiye gukorera iyo ndirimbo,chris biz akaba yatumenyesheje ko iyo ndirimbo agiye kuyikorera muri Master Muzik kwa Masterland,kuko ngo kuri we Masterland niwe muhinyanyuzi akomeye cane hano mu Burundi,Chris Biz akavugako kuva atanguye gukorana na Masterland hari ikintu kinini cane yungutse
chris Biz

Ku batamuzi chris biz twobamenyesha ko ari umuririmvyi w’umunyagitega yamenyekanye cane mu mugwi Wakali Gangster