Chance ni Umuririnvyi aba hano muri America kandi akaba afite igikundiro cinshi mubantu batari bake hano muri America, aho twaganira nuyo muririnvyi, uno musi yasavye abafana biwe bose ko boba barihangana kuko ngo uwitotonze amira ibinoze.
ivyo akaba yabivuze inyuma yaho abantu benshi bamaze imisi bamutelephona bongera bamubaza aho indirimbo yiyemeje gusohoza aho zigeze.
Abashabiki banje nabasaba koboba barihangana kuko uwitonze amira ibinoze, ubu ndiko vyose ndabitegura kuburyo ninavuga ngo nsohore umukanda wa CD canke wa DVD, ndizera ko bose bazakunda ivyo nzaba ndakoze kuko nshaka nze nkore ikintu kiboneka, akaba arinayo mpanvu mubona nabanje kurindira kuko nshaka nzabazanire ibintu bitimoye gose,uko akaba ariko yavuze.
UBM NEWS yipfuriza uno muririnvyi kuroranirwa mubikorwa vyose akora kandi Imana imuje Imbere muri Vyose.
Recent Comments