UBM News ads

Buyengero : Umwigeme w’imyaka 30 yatowe ikiziga

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umwigeme w’imyaka 30 yahora aba muri komine Buyengero intara ya Rumonge yaraye yiyahuye, ikiziga ciwe kikaba catowe mu gashamba. Abajejwe intwaro muri komine Buyengero bamenyesha ko uwo yiyahuye azwi kw’izina rya Anastasie NSABIMANA, acatumye yiyahura kikaba kitaramenyekana.

Abaharanira agateka ka zina muntu muri komine Buyengero bavuga ko bitangaje kubona abantu baguma biyahura, aho akaba ari mu gihe uwo mwigeme agize gatatu yiyahuye mu kwezi kumwe.

N’aho biri uko, abo baharanira agateka ka zina muntu basaba ko abajejwe umutekano bokora amatohoza akwiye, kuko hari abica abantu, mu nyuma bakabesha ko ari abiyahuye.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments