Burundi: Umushingamateka Fabien Banciryanino nubu ntiyorohewe iyo afungiwe

0

Kuva aho Uwahoze ari umushingamateka (2015-2020) Fabien Banciryanino  afungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba , umutekano n’ubuzima vyiwe biguma bibangangamirwa n’abajejwe ibohero ndetse n’abamwe mubafungwa bajejwe umutekano mw’iryo bohero.

Pacifique NININAHAZWE 🇧🇮 (@pnininahazwe) | Twitter

Kubw’amakuru ava mw’ibohero rikuru rya Mpimba ndetse akanemezwa n’umwe mubaharanira agateka kazina muntu Pacifique Nininahazwe atumenyesha ihohoterwa rindi ridasanzwe ryakorewe Fabien Banciryanino kuva mu gatondo ko kur’uwu wambere  aho yinjijwe aho bita muri “correction”( ni ukuvuga mw’ikosorero) aho naho nk’uko bimenyeshwa na Pacifique Nininahazwe ni mu gasho kanuka, katabona, kuzuyemwo imibu.

Ico Fabien Banciryanino yoba yazize ni ikete yandikiye umuyobozi w’ibohero rya Mpimba amwereka akarenganyo kaguma kakorerwa abanyororo n’ingene amategeko agenga amabohero mu Burundi aguma ahonyangwa aho mu Mpimba.

 

Kubw’amakuru ava mu baryango ba Banciryanino ,ngo sirya mbere uwabo  ribaye aguma ahohoterwa n’abamwe mubanyororo biyita ko ari abajejwe umutekano w’iryo bohero rya mpimba; Abatari bake bo babona ko uwo yahoze ari umushingamateka azira ukuntu yama agomba kwitangira abandi ngo abavugire baronke agahengwe ndetse banibukwe k’ubuzima bubi baba barimwo hama batunganirizwe; ikindi, ku bazi cane uwo Fabien Banciryanino ngo yamye ari umuntu arinda ndetse atanirwa ijambo ku karenganyo kose kaba kabaye.

Tubibutse ko umushingamateka Fabien Banciryanino yaraherutse kurenguka imbere y’ubutungane hari kuwa 19 ntwarante aho yagirijwe ivyaha bibiri: kuba yaratumyeko ikiganiro c’abamenyeshamakuru muhira iwe , no kuba ngo yarase guha impapuro abajejwe intwaro ziranga inzu yiwe ; akaba yaciye asabirwa gufungwa umunyororo w’imyaka ibiri n’amezi abiri no kuriha ihadabu ringana ibihumbi amajana abiri vy’amarundi (200.000 FBU).