UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Burundi &Tanzanie :Ibihugu bishobora gukumirwa kw’isi bitewe n’ukwanka urucanco rwa covid19 .

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma yaho ibihugu vyishi vyo kw’isi bitangurije uruganda rwo gukingira abanyagihugu bavyo ikiza ca covid19, ibihugu vy’uburundi be na Tanzaniya vyarerekanye ko atarucanco rwa Covid19 bakeneye; ivyo navyo bikaba bishobora kutera ikibazo kikomeye mu bindi bihugu bigenzi vyavyo  canke mu karere, muri afrika yose be no kw’isi aha twovuga: kutemerera abanyagihugu baje baturuka  mw’ivyo bihugu kutembera( abanyeshule, abadandaza,abategetsi…),kutasubira kuronka ba mukerarugendo(touristes),canke kutasubira kwakira amanama mpuzamakungu yobera mw’ivyo bihugu kwari bibiri.

Burundi Flag With Tanzania Flag, 3D Rendering Stock Photo, Picture And  Royalty Free Image. Image 58658460.

Nkuko tubisoma mucegeranyo c’abahinga bo mu bwongereza, n’uko ibihugu bitazotanga canke ntibishobore kurangiza kuha incanco zikwiye abanyagihugu bavyo bigiye kuzokumirwa kw’isi ndetse binashirwe k’umugaragaro m’urutonde rw’ibihugu birwiriyemwo cane ikiza ca covid19.

Bamwe n’abandi bati ibihugu vy’uburundi be na Tanzaniye bikwiye kwisubirako ku ngingo vyafashe yo kutatora incanco, ataruko naho, hamwe vyoguma bikwega amaguru bishobora kuta mu kaga abanyagihugu bavyo eka ndetse bikazohahombera cane muvy’ubutunzi no mu migenderanire n’ayandi makungu.

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments