Mu gihugu ca Brezil muduce twitwa Minas Gerais na Belo Horizonte abakobwa n’abagore bahatuye basanzwe bakora Umwuga w’Uburaya biyemeje gufata neza aba bagana mu mwaka wa 2014 cane cane abazoba baturutse mubindi bihugu baje kwirebera Imikino y’Igikombe c’Isi kizakinirwa muri Iki gihugu.
Nkuko tubikesha ikinyamakuru Brezilian Magazine kiratangazako , abagore n’abakobwa bose bakora umwuga wo kwicuruza muri Brezil cane cane abatuye muduce twa Minas Gerais ndetse no mu muji wa Belo Horizonte arinaho hazokinirwa Imikino myinshi y’Igikombe c’Isi aho hazaba hahuriye abantu baturutse mubihugu bigera kuri 32
Aba bagore baratangaza ko Biyemeje kuzofata neza umugabo wese uzoza abagana bakamworohera kuba yogura ubu butunzi bibitseho budahomba, ngo bimeyeje kugabanya ibiciro, korohereza abagabo uburyo bwo kwishura hakoreshejwe ikorana buhanga ndetse ngo nuwozoza atabishaka ariko akaba abikeneye ngo bazoja bamukorakora kugeza igihe nawe avyiyumvisemwo akagura.
Kubagabo bazoja baba batitwaje amahera yo kwishura mumufuko nabo ngo baraborohereje cane kuko bazoja babasha kwishura ikiguzi bavuganye n’Indaya hifashishijwe uburyo bugezweho bukoresha ikarata yitwa Credit card.
Zimwe mundaya zaganiriye n’ iki kinyamakuru zavuze ko ziteguye kuzokora akazi kazo neza ndetse bamwe na bamwe mubatazi Indimi z’amahanga nk’icongereza n’Igifaransa bakaba batanguye kwihugura kugirango hatazogira umu kiriya numwe ubacika muri iyo minsi.
aba bagore n’inkumi bakaba barihaye icivuga kivuga giti “Ishimishe ubu, wumve uburyohe niwumva waryohewe n’ejo uzogaruke(Urabanza Ukarya ariko ukishura munyuma)”
Ubuyobozi bwo muri iki gihugu nabwo bukaba bwiyemeje gucungera umutekano umuntu wese azoza ashaka guhungabanya irishirahamwe kuko ari ni Ishirahamwe ryemewe muri Iki gihugu , Ico bagiye gukora ni ugushaka Udukingirizo ( CONDOM ) duhagije bakadushira ahantu henshi hashoboka muri turiya duce.
Tubibutseko mu mwaka wa 2010 ubwo Igikombe c’Isi cabera muri Afurika yepfo bivugwa ko Udukingirizo aritwo twacurujwe cane kurusha ibindi bicuzwa ndetse ngo n’Indaya zaho zikaba zarungutse cane ugereranyije n’Ikindi gihe.
Recent Comments