UBM News ads
Saturday, December 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Biratangaje : Pastor yategetse abakristo biwe kurisha ivyatsi nk’inka kugira biyegereze Imana

Inkuru idasanzwe ibandanya kuvugwa ni iy’umuvugabutumwa, arongoye ishengero “Centre Rabbouni ministères” ryo mu gihugu ca Afrika y’epfo mu gisagara ca Pretoria, yatanze ubutumwa butari bumenyerewe ku bayoboke biwe. Daniel Lesego ari nawe yatanguje iryo shengero yabwirije abakirisitu basenga muri iryo shengero ko boza bararya ivyatsi, bakarisha kurya kw’inka, kuko ariho bazoshobora kwiyegereza Imana.

Mu gihe bari mu giteramo cari categuwe n’ishengero “Centre Rabbouni ministères”, abantu isinzi bari bacitavye bahakuye insiguro zatangaje abatari bake. Pasitori Daniel Lesego yamenyesheje abari muri ico giteramo ko abakirisitu bategerezwa kubaho nk’ibindi biremwa vyose, ari naco gituma bari bakwiye kurisha kurya kw’inka, impene, intama n’ibindi bikoko bitarima, ariko bigatungwa n’imfungurwa zisanzwe zibereye kw’isi nk’akarorero ivyatsi.

Kubwa Pasitori Daniel Lesego, ntivyari bikenewe ko umuntu atagira ivyo afungura afashwa, kuko aba yirengagije ko n’ivyatsi vyomutunga, kanatsinda ko n’inka zibirya kandi zikavyibuha. Pasitori Daniel Lesego yabaye nk’uwukojeje agati mu ntozi. Yabaye agiheza kubivuga, abakirisitu baca bihereza ivyatsi, batangura kurisha kurya kw’inka.

Nimwirabire amasanamu y’abakirisitu bariko barya ivyatsi kugira bashobore kwiyegereza Imana, nk’uko babisiguriwe na Pasitori Daniel Lesego

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments