Big Fizzo arashima uko yakiriwe mu Buganda

0

Umuririmvyi w’umurundi Mugani desire abenshi bazi kw’izina rya big farious arashima cane ukungene bamwakiriye mu gihugu c’ubuganda aho ari muri kino gihe aho yagiye gukora igiteramo arikumwe na olga,chary na nina baririmbanye indoro
fizzo na chameleone

Amakuru ikinyamakuru cacu dukesha bagenzi bacu babamenyeshamakuru avuga ko big farious yakiriwe na mugenzi we dr josE chameleone,kandi ko yakiriwe n’isinzi ry’abantu ivyo bikamwereka uyo muririmvyi ko bari bamunyotewe cane kandi ko bamukunda cane,big fizzo rero akaba yarashimye cane uko bamwakiriye akavuga ko azokora ibishoboka vyose kugira abanezereze mu giteramo azokora kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 16/4/2016
fizzo

Tworangiza tubamenyesha ko big fizzo ariwe muririmvyi w’umurundi ariko arakora bigashimwa muri kino gihe