Big Fariouz yagize ico avuga kubiriko birabera mu Burundi, we yasavye ko abahunze batosubirayo kubera ubwicanyi buharangwa

0

Abari hanze bahunze ibibazo biri I Burundi ngo ntihagire uwutaha kuko nawe yaramenyereye gutaha yarabiretse kubera ubwicanyi bwagahomerabunwa buharangwa, ivyo biheruka gushikirizwa na Mugani Desire batazira Fariouz.

Fariouz

Mu gihe haheze ikiringo c’amezi yababa atandatu igihugu c’uburundi kirimwo ibibazo, umuririmvyi Mugani Desire niwe Atari bwagire icavuga ku biruko biraba Mu gihugu ciwe c’amavukiro.

Mu kiganiro aheruga gutanga ku nsamirizi KT Radio isanzwe isamiranira mu gihugu c’Urwanda aho asanzwe a bariko arakore ibiteramo n’indirimbo muri kino gihe, yahavuye asaba Abarundi kutihebura kubera ibiriko biraba mu gihugu cabo c’amavukiro.

Big Fariouz yagize ati : Mu Burundi abantu birirwa baricwa uko bukeye uko bwije, kandi bakicwa bunyamaswa, nkubu sinohanura umuntu yahunze ngo asubire mu Burundi kuko umutekano ni muke cane, nico gituma nanje nabaye ndabireka kubera ubwicanyi bwagahomerabunwa buharangwa.

[youtube id=”AXF0nip3Jxs” align=”center” mode=”normal” autoplay=”no” maxwidth=”640″]