Best Life Music:Imyiteguro igeze kure

0

Umugwi Best Life Music uhurikiyemwo imisore ine Young dany,Young jp,G kiboko hamwe na Mc vita watanze ikiganiro ku kinyamakuru cacu ubmnews aho batubwiye ko imyiteguro yo gushira ahabona amasanamu y’indirimbo Better Than ko igeze kure kandi bakizeza abakunzi babo ko bazoryoherwa cane kuko bazoshira ahabona amasanamu atari bwigere akorwa n’uwundi muriririmvyi hano mu Burundi.
best life
Best Life Music ati:Tugiye gushira ahabona amasanamu y’indirimbo Better than kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 12/12/2015 kuri Best Outlook hotel i kiriri so turatumiye abakunzi b’umuziki w’uburundi ko boza kubwinshi kudushigikira kuruyo mu nsi udasanzwe cane.
Tworangiza tubamenyesha ko Best Life Music ari umugwi usanzwe uririmba cane mu mudiho wa hip hop