Inyuma yaho abigeze kuba ari abategetsi b-uburundi bagira kuri batanu baciriwe urubanza na sentare ntahinyuzwa rwo gufungwa ubuzima bwabo bwose abandi gufungwa imyaka 20 bagirizwa uruhara mw-igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye, baraye bituye abahinga b-ishirahamwe ry-ubumwe bwa afrika be n-iry-ishirahamwe mpuzamakungu ONU kugira batunganwirizwe.
Nkuko bimenyeshwa na Jessica Lescs,umushwingwamanzakazi wo mu gihugu c-ubufaransa aburanira abo bigeze kuba ari abategetsi b-uburundi amenyesha ko icatumye bitura abo bahinga mpuzamakungu ari ukubereka ko abo aburanira bariko bazira imanza baciriwe na sentare ntahinyuzwa habaye ihonyangwa rikabije ry-amategeko,hakabamwo n-agatotezo abarundi bahunze igihugu bakorerewe kuva mu mwaka w-2015 harimwo n-abanyepolitike muri rusangi , be n-ihonyangwa ry-amasezerano ya Arusha, ndetse n-ukutigenga kw-ubutungane bw-uburundi mu manza zose ziba ariza politike.
Twobamenyesha ko abo bigeze kuba ari bategetsi b-uburundi ubu bose babarizwa mu buhungiro abo nabo ni=
1.Bernard Busokoza yahoze ari icegera ca mbere c-umukuru w-igihugu.
2.Libere Bararunyeretse yahoze ari umukuru w-inama nkenguzamateka mu kiringo c-intwaro mfata kibanza.
3.Astere Girukwigomba yahoze ari umushikiranganji w-ikigega ca Leta .
4.Luc Rukingama yahoze ari umushikiranganji wo gutsimbataza amahoro no kunywanisha abarundi .
5.Mamert Sinarinzi yigeze kuba ajejwe ibibazo vy-abahoze k-urugamba, kubasubiza mu buzima busanzwe no kubinjiza mu nzego z-umutekano.
Tubibutse ko Bernard Busokoza yaciriwe na sentare Ntahinyuzwa gufungwa imyaka 20 ,abasigaye bane nabo baciribwa gufungwa ubuzima bwabo bwose.
Recent Comments