UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Bernard Busokoza n-abagenziwe bane bituye abahinga bishirahamwe ry-ubumwe bwa Afrika be n-irya ONU.

UBM News ads

Inyuma yaho abigeze kuba ari abategetsi b-uburundi bagira kuri batanu baciriwe urubanza na sentare ntahinyuzwa rwo gufungwa ubuzima bwabo  bwose abandi gufungwa imyaka 20 bagirizwa uruhara mw-igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye, baraye bituye abahinga b-ishirahamwe ry-ubumwe bwa afrika be n-iry-ishirahamwe mpuzamakungu ONU kugira batunganwirizwe.

Nkuko bimenyeshwa na Jessica Lescs,umushwingwamanzakazi wo mu gihugu c-ubufaransa aburanira abo bigeze kuba ari abategetsi b-uburundi amenyesha ko icatumye bitura abo bahinga mpuzamakungu  ari ukubereka  ko abo aburanira bariko bazira imanza baciriwe na sentare ntahinyuzwa habaye ihonyangwa rikabije ry-amategeko,hakabamwo n-agatotezo abarundi bahunze igihugu bakorerewe  kuva mu mwaka w-2015 harimwo n-abanyepolitike muri rusangi , be n-ihonyangwa ry-amasezerano ya Arusha, ndetse n-ukutigenga kw-ubutungane bw-uburundi mu manza zose ziba ariza politike.

Twobamenyesha ko abo bigeze kuba ari bategetsi b-uburundi  ubu bose babarizwa mu buhungiro abo  nabo  ni=

1.Bernard Busokoza yahoze ari icegera ca mbere c-umukuru w-igihugu.

2.Libere Bararunyeretse yahoze  ari umukuru w-inama nkenguzamateka mu kiringo c-intwaro mfata kibanza.

3.Astere Girukwigomba yahoze ari umushikiranganji w-ikigega ca Leta .

4.Luc Rukingama yahoze ari umushikiranganji wo gutsimbataza amahoro no kunywanisha abarundi .

5.Mamert  Sinarinzi yigeze kuba ajejwe ibibazo vy-abahoze k-urugamba, kubasubiza mu buzima busanzwe no kubinjiza mu nzego z-umutekano.

Tubibutse ko Bernard Busokoza yaciriwe  na sentare Ntahinyuzwa gufungwa imyaka 20 ,abasigaye bane nabo baciribwa gufungwa ubuzima bwabo bwose.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments