Banki y’Isi Yose Igiye Gutanga imiliyoni $600 Kubw’Ibarabara Ry’Itereni Rihuza Tanzaniya, Uburundi na Kongo.

0

Ibanki y’Isi yose iriteguriye kurekura amafaranga ashika ku miliyoni 600 y’amadolari y ‘Abanyamerika( nk’amarundi arennga imiliyaridi 1 700) kugira hafashwe cane mu bijanye no kworosha urudandazwa mu karere ka Africa y’Uburseruko no muri Afrika yo hagati, maze haboneke ibarabara rishika kw’ibahari rihuza Ibihugu vy’Uburundi,Tanzaniya, Zambia na Republika iharanira Demokrasi ya Kongo.

Umunyamabanga w’akarere k’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko, Liberat Mfumukeko, yabwiye ikinyamakuru The Eastafrican ati : « Turiko turavugana kugira haryohorwe ivya nkenerwa, na cane cane akarere rusangi, nk’ikiyaga Tanganyika . Iryo barabara ry’itereni rizofasha mu bijanye no gutwara ibidandazwa biva i Dar Es Salaam gushika i Kigoma aho ivyo bidandazwa bizoca bizanwa n’ubwato bigashika i Bujumbura canke kalemi na Uvira muri Kongo ».

Uyu mugambi uzokworosha mu bijanye no guhanahana ibidandazwa hagati ya Tanzaniya, Uburundi na Republika iharanira Demokrasi ya Kongo.Kubwa Liberat Mfumukeko, ubwo buryo bw’ibarabara y’itereni buzogabanya gushika ku bice 40% amafaranga yahora akoreshwa mu bijanye no kwunguruza ibidandazwa biva ku kivuko ca Dar Es Salaam.

Iryo barabara r’itereni rikaba rizofasha abantu barenga imiliyoni 50 baba mu karere k’ikiyaga Tanganyika. Nk’akarorero, ibice 80% vy’ivyinjira mu Burundi bica mu Kiyaga Tanganyika bivuye i Dar Es Salaam. Ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko ryiteze kuzokoresha amafaranga arenga imiliyoni $10 mu myaka cumi, na cane cane mu bijanye no kworosha urudandazwa. Ibarabara ry’itereni rihuza Mombasa na Nairobi ryaraheze, bikaba vyitezwe ko kandi rihuza Ubuganda, Urwanda n’uburundi.