Amatohoza y-iradiyo RPA avuga ko umuriro wadutse mw-ibohero rya Gitega utaturutse ku muyagankuba.

0

Amatohoza amaze gukorwa n-iradiyo RPA avuga ko hari ibimenyetso bimaze kuja ahabona bigaragaza ko umucanwa wahitanye abanyororo hamwe n-inyubako mw-ibohero rikuru rya Gitega utaturutse ku muyagankuba  nkuko vyaheruka gushikirizwa na Leta y-uburundi. Amakuru iradiyo RPA imaze kwegeranya amenyesha ko uwo mucanwa wafatiye rimwe ibice bitandukanye vy-iryo bohero ariko abajejwe gutabara bakaba bihutiye kwongereza abajejwe umutekano  mu ntumbero yo kubuza abanyororo gutoroka.38 dead, dozens injured in Burundi prison fire - Africa24

Kimwe mu bigaragaza yuko Leta yiyotsa ku bijanye n-uwo muriro ni ibitigiri vyabahaguye kukaba nkako  nkuko vyagiye birashikirizwa n-inzego zitandukanye harimwo n-icegera c-umukuru w-igihugu Prosper Bazombanza , Leta y-uburundi yemeza ko uwo muriro wahitanye abanyororo 38 gusa ariko nk-uko amakuru iradiyo RPA yaronse ngw-ico gitigiri ni ic-abanyororo bapfuye kubera impwemu. Aha, abacitse kw-icumu bakamenyesha aho bagenzi babo bagiye igihe basha bagatokombera  n-igituma urupfu rwabo rwagizwe ibanga. Ikindi RPA ivuga ko kidatahuritse  ni ngene uwo muriro ukicaduka , imodoka isanzwe izimya umuriro iri ku murwa mukuru w-intara ya Gitega yagiye kuhashika inyuma y-amasaha abiri ibara ryamaze kurwa.

Ikibabaje gusumba ibindi iyo radiyo ivuga nuko aho kwihutira gutabara abafungwa mugutabaza iyo modoka ize kuzimya , abarongoye ibohero bihutiye nyabuna gutabaza amakambi y-igipolisi ari ngaho i Gitega kugira bacunge ntihagire umunyororo abaca muryahumye. Ico kikaba ari ikindi kimenyetso RPA ivuga ko Leta itari nezwe ubuzima bw-izo mbohe ko ahubwo  ibifisemwo uruhara runini mw-iryo sanganya.