Amashure 31 y’abigenga yugawe, abo banyeshure bagiye kuba abande?

0

Umushukiranganji w’indero mu Burundi, Janviere Ndirahaisha yaraye afashe ingingo yo kwugara amashure 31 y’abigenga kubera atashikanye amanota 20 kwijana muri ca kibazo gitangga uburenganzira bwo kuja kuri kaminuza.

Menshi muri ayo mashure yugawe akaba ari mu gisagasra ca Bujumbura. Itegeko ryugara ayo mashure rikaba ryagiye ahabona ejo ku wa mbere itariki Nyakanga 2018.

Abavyeyi bakaba bahamagarirwa kwandikisha abana babo mu yandi mashure acemewe n’amategeko kandi “abishoboye”. “Bategererzwa kwandikwa mu mashure atunganya inyigisho hisunzwe ingingo zigenga umwuga wo kwigisha zisabwa”(methodes pedagogiques requises).

Ariko rero, bamwe bamwe bariyamiriza iyo ngingo yafashwe kubera hashobora kwibonekeza ingaruka mbi. Abakuru b’amsomero amwe amwe yugawe bamenyesha ko ‘batagishijqwe inama” imbere yuko hafatwa izo ngingo kugira hagire igihindurwa’.

Iyindi ngaruka ishobora kwibonekeza ni abo bana birukanwa mu mashure kubera ko bashobora guca ‘baja mu ngeso zitabereye nk’ubusuma n’ubundi bukozi bw’ikibi’.Bamwe bamwe bagasaba nyabuna ko ‘abo bana batorwa mu mpoerero yo kwirukanwa mu masomero kubera ko batohorwa ubwenge buke bwabo bafise’.