UBM News ads

Amashirahamwe yigenga 92 niyo amaze kwiyandikisha mu bushishikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma yaho Leta y’Uburundi ishingiye itegeko rishasha rigenga amashirahamwe yigenga mpuzamakungu mu mwaka w’i 2017, amashirahamwe 92 niyo amaze gusubira kwiyandikisha kugira akorere k’ubutaka bw’Uburundi. Aho ni munyuma yaho, umushikiringanji w’Intwaro yo hagati no gukundisha igihugu, Pascal Barandagiye, ahagarikiye amashirahamwe yose yigenga mpuzamakungu gusubira gukorera k’ubutaka bw’Uburundi.

Hakaba hasigaye amashirahamwe ashika kuri mirongo ine atariyandikisha gushasha. Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu barashimishwa niyo nyifato yayo mashirahamwe kurako kamo bitabiriye. Mwomenya kw’amashirahamwe Handicap International, Avocat Sans Frontiere, RCN Justice et Démocratie yahisemwo gukinjura akaba yamenyesheje ko adashobora kuvangura abakozi babo mu moko. Kubw’ubushikiringanji bw’intwaro yo hagati mu gihugu no gukundisha igihugu bavuga ko ivyo ayo mashirahamwe yahora akora bizoca bikorwa n’ubushikiranganji bujejwe ivyo bahora bakora.

Mwomenya ko itegeko rishasha rigenga amashirahamwe yigenga mpuzamakungu akorera mu Burundi risaba ayo mashirahamwe gukosora mu myaka itatu kubijanye n’ukwinjiza abakozi kuvy’ubwoko hakurikijwe ibwirizwashingiro, kubika no kuvunjisha amahera y’agaciro mw’ibanki nkuru y’igihugu hamwe no gukurikiza umugambi w’igihugu w’iterambere 2018-2027.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments