Ivyo biboneka mu ngigo ya 30 igize itegeko ry’amahera azoreshwa na Leta mu mwaka wa 2019-2020. Iyo ngingo ikavuga ko amahera ajejwe gufasha imigambi ya komine avuye ku miriyoni 500 ashizwe ku miriyoni 570 z’amahera y’amarundi.

Iryo tegeko rikaba rigeze mu nama nshingamateka aho ririko ririgwa. Ayo mafaranga akaba azosha ahanini muvyerekeye kugwiza umwimbu mu makomine, kugura no kubika imbuto, gushigikira amakoperative ariko aravuka, n’iyindi migambi y’iterambere. Ayo mahera yose hamwe akaba angana imiriyaridi 67,8 z’amahera y’amarundi ku makomine angana 119.
Mukamenya ko hakiri ingorane hagati y’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’ikigega FONIC cahora gitunganya ayo mahera ubu asigaye abarizwa m’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’ubushikiranganji bw’ubutunzi. Amakomine n’amazone ya mairie ya Bujumbura adafise ubwigenge nkayandi makomine hamwe n’itunganywa ry’amakoperative bitarigishwa neza mubenegihugu.





Recent Comments