Monday, September 26, 2022
HomePoliticsAgathon RWASA yagiriza ubutegetsi bwa CNDD-FDD ko butigeze buteza imbere abarundi atari...

Agathon RWASA yagiriza ubutegetsi bwa CNDD-FDD ko butigeze buteza imbere abarundi atari ukubahomvya gusa.

Umushingamateka Agathon RWASA amenyesha ko ingingo zimaze imisi zifatwa na Leta y-uburundi nta kindi zigamije atari ugukandamiza abanyagihugu mu kubahomvya. Agathon RWASA yagiriza ubutegetsi bw-umugambwe CNDD-FDD  ko butigeze buteza imbere abarundi  bose muri rusangi.  Uwo arongoye umugambwe CNL agatanga akarorero k-amazu yasambuwe ngo hagire hubakwe amabarabara  ariko nubu akaba atarubakwa. RWASA yabitangarije mu gisagara ca Bujumbura  kuri uyu w-Imana mu gihe uwo mugambwe wariko uhimbaza umusi wahariwe umukenyezi .Image

Mw-ijambo ryiwe, Agathon RWASA anegura ingingo zitandukanye zimaze imisi zifatwa na Leta ko atakindi ziza zigamije atari ukwicisha ubukene abarundi.;

«…ejo bundi nivugiye nti dutwarwa kijeshi ngo ni ayanje. Rero,ama Tuk-Tuk barararirije, amakinga barararirije ,itike namye nsoma muri za whatsap yadugijwe nk-incuro zitatu hirya no hino kubera izo ngorane z-igitoro.(…) nta ntambara ihari bomora bomora! Yaba amabarabara ko ata na rimwe barubaka? Ama parcelles ninde yayatanga? Wewe wahaye umuntu parcelles ngo bomora?  None za butike zose  basenyagura uyu musi arya matagisi zinjiza ntituriko turayahomba mu gihugu»

Uwo arongoye umugambwe CNL atanga impanuro ku barundi bahatirwa kwinjira  canke binjira muri CNDD-FDD , Kubwiwe, ngo abo akenge kaba kagabanutse agasigura ko mu myaka iheze uwo mugambwe umaze ku butegetsi ko atacopfuma abarundi bawuhurumbira. « …jewe nukuri  mfata yuko umuntu ava muri CNL  ngwagiye kwishikana aharaho akenge kaba kagabanutse. None wewe akenge kawe kaba gakwiye neza  wokwirukiye ahantu imyaka iraho bamaze baducura bufuni na buhoro ata terambere wobona»

 

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...