UBM News ads

Leta y’Uburundi n’irwize umuyagankuba, Abarundi batangure gukora Amasaha 24/24 kugira vision 2040 ishoboke.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Nukuri Iterambere Igihigu cacu gikeneye ni nyinshi cane, ariko kugira turigereko hakenewe utwigoro twinshi cane, kandi na cane cane utwigoro tuvuye kub’Abategetsi,
Abategetsi bategerezwa kumanza kwiyanka,bagakunda Igihigu!!

Kandi icambere gikwiye kumanza gushirwamwo Inguvu nyinshi imbere ya Vyose ni Power(Umuyagankuba),
Biratangaje cane kuba UBurundi bwose buryama,mu gihe ibihugu bibanyi n’ibindi bihugu Vyose mw’Isi bakora 24hours ariko iwacu sayine zijoro Igihugu kikaba kiryamye cose,mugihe nibi bihugu vyatunze bataryama,bakora ijoro n’Umurango,ariko umukene w’Iburundi agaca aja kuryama amasaha 12h yose ngo araruhutse!! Ninde yabahenze ko kw’Isi baruhuka???

Leta nikore Inguvu irwize umuyagankuba,hama ihimirize Abantu gukora amasaha 24/24 kugira twiruke n’Iterambere nk’Abandi.
Abapolisi n’Abasirikare akazi Kabo si kuryama,bohabwa ivyangombwa bikwiye(Imiduga,…)kugira babashe gukizura neza mw’Ijoro mu gihe Abanegihugu boba bari mukazi!
Ama Banks agakora ijoro n’umurango Abadandaza bagakora ijoro n’umurango,aba Taxi man bagakora ijoro n’umurango,abatwaza ama Moto,….hama mukaraba ko iterambere ritaza!!
Ubundi mbona UBurundi ataho butandukaniye n’Igihugu kiri mu Ntambara,Ahantu n’umvise ngo Isaha imwe yijiro ntushobora kuronka Bodaboda igutwara, ngo kirazira…none aho wovuga gute ko muri mumahoro 100%?? Mugihe n’Imogadishu bamaze imyaka 50 mu Ntambara bakora 24/24h.

Abandi bakora 24/24h Namwe mugakora Igice c’umusi,mwojana gute mw’Iterambere? Ama Banks akugara, Pharmacy zikugara,Ama shops akugara, ama Restaurants akugara,Aba taxi man bakugara,….hasigaye ko mwugara n’Ibitaro ngo bwije!!!

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments