Abishwe bitirirwa abarwanyi ngo boba bari abanyagihugu batagira ikigwanisho nakimwe

0

Mugihe reta ya Petero Nkurunziza yemeza ko abantu 79 bishwe kumusi wa gatanu itariki 11 kigarama bari abagwanyi canke abansi bigihugu ,amatohoza amaze gukogwa yerekana ko abishwe boba bari abanyagihugu batagira ikigwanisho nakimwe!
Icerekana ko bari abanyagihugu:

manns

1- Polisi nkuko yahora ibikora yabwirizwa kwerekana ibigwanisho birenga 79 ! Ivyo polisi yarabikoze kenshi ,mukugaragaza akazi bakoze ko ari ukuri ! Ariko ibigwanisho vyerekanywe ntibingana nabagwanyi 79! Bisigura ko harabarashwe atanigwanisho bafise! Bari abanyagihugu!

2-Hari abiciwe mumazu yabo nkuko vyagaragaye kumasanamu ! Bisigura ko abanyagihugu bahereye mugatondo basemerera ko polisi iriko ibasanga mumazu yabo ,kwari ukuri !

3-Hari abagaragaye baboshwe, umuntu aca yibaza ukuntu umugwanyi yorasa aboshwe ! Benshi bari basanzwe baboshwe hama bagahohoshora munyuma! Bari abanyagihugu!

manan

4-Hari abari bafashwe nugwego gwiperereza inyuma yibitero vyokuwa gatanu ,munyuma bakaboneka barikumwe nabo bagwanyi biciwe mwibarabara ! Uwo yafashwe yafashwe nkumunyagihigu ,ntacaha cari bwamwagire ,kuberiki yishwe nawe nkumugwanyi?

5- Benshi biboneka ko barashwe mumutwe inyuma ,nigute umuntu ariko ararasa ,uwuri imbere yiwe yoraswa mumutwe? Nagira Bari kuba barashwe mugahanga? Kuko bariko barabana nigipolisi barasana!

ibiziga

6-kartier zabereyemwo ibitero yari Musaga na Ngagara, nigute abicanyi bageze mu Nyakabiga ,Jabe na Bwiza ? Ko amabarabara yose yari yugawe ? Akaba atanumwe yacaruka uwo musi ,abo bagwanyi bageze gute murayo ma quartier?

IBIBAZO VYINSHI BIRABANDANYA KWIBAZWA NABARUNDI BABAJWE NUBWICANYI BWABAYE NDANSE MU BURUNDI ,ABANYAMAHANGA ,HAMWE NAMASHIRAHAMWE ADAHARANIRA INYUNGU ZA POLITIKE ,NAYAGWANIRA AGATEKA KAZINA MUNTU !

huh

bh

abs