Mw’ikete ry’umushikiranganji w’indero no kwigisha imyuga, Janviere Ndirahisha, yarasavye abarongoye ibisata vy’amashure y’intango n’ayisumbuye mu ntara ko botanga rapport y’abanyeshure babigeme batewe inda nuwo bibaza ko yayimuteye ariko atahanywe.

Ivyo umushikiranganji Janviere Ndirahisha abisavye mugihe hari abakingirwa ikibaba kugira ntibahanwe. Mukamenya ko mu nyaka indwi iheze abakobwa bashika 14.246 bahagaritse amashure kuko batewe inda bakiri ku ntebe y’ishure ataho barigeza.
Kumbuga ngurukana bumenyi barashima ico gikorwa kuko hari abakingirwa ikibaba n’abantu bafise ubushobozi mu ntara kugira ntibahanwe, abandi nabo bakavuga ko ico gikorwa cokwitonderwa kugira ntihagire uwo babeshera.







Recent Comments