UBM News ads

Abategetsi bakomakomeye b’uburundi bavurwa mur’udandazwa rw’ibiyayuramutwe bikoreshwa n’abihevyi kw’isi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Nkuko tubisanga mu matohoza yakozwe n’umwe mubaharanira agateka ka zina muntu Pacifique Nininahazwe ndetse bikaba binaheruka kutangazwa n’umuyobozi w’iradiyo RPA Bob Rugurika nuko bose bemeza ko abategetsi b’uburundi binjiye mu rudandazwa rw’ibiyayuramutwe bikoreshwa n’abihevyi mukwiturikirizako ibibombe kugira bace barinda cane.May be an image of 3 people and people smiling

Kubw’ayo matohoza amaze gukorwa, umushikiranganji w’amagara y’abantu Dr Thadee Ndikumana aza mu bambere mw’abo bategetsi b’uburundi naho ngo hari n’ibindi bihangange bitavurwa; eka hakanavurwamwo umunya Kenya yitwa Joseph Mboya Nyamuthe afise isosiyete  mu Burundi ikora imiti yitwa Pona Pharmaceuticals. Igihaye kiboneka n’uko iyo sosiyete Pona pharmaceuticals ifisemwo uruhara mw’urwo rudandazwa kubera ,nkuko biri mw’ayo matohoza yakozwe birerekanwa ukwo  iyo sosiyete yaza irarangura hanze ivyankenerwa harimwo ivyo biyayuramutwe bikazanwa mw’ibanga ntangere.

Urwo rudandazwa rw’ivyo bibayuramutwe rwatumye Abategetsi b’uburundi harimwo umushikiranganji Thadee Ndikumana barungikirwa incuro nyishi amakete yo kwisigura kw’irangurwa ry’urugero rukomeye ry’ivyo biyayuramutwe banisigure ico biriko birakoreshwa aho naho abategetsi b’uburundi harimwo na Dr Thadee Ndikumana barase kwisigura kw’ayo makete yose bandikiwe; Aha mw’abo banditse ayo makete twovuga nk’: igisata ca ONU kijejwe kurwanya ibiyayura mutwe kw’isi (UNODC),igipolisi mpuzamakungu Interpol, ibihugu vya rutura vya buraya na Amerika navyone vyagumye bisaba Leta y’uburundi ngo itange umuco kurwo rudandazwa rw’ibiyayuramutwe.

 

Nk’uko bibandanya bimenyeshwa n’umuyobozi w’iradiyo RPA, Bob Rugurika avuga ko ivyo biyayuramutwe bihora bicishwa mu gihugu ca Congo bikaca bija mu Buganda mu nyuma bikabandanya bikashikanwa mu kivuko ca Somaliya aho iyo mirwi y’abihevyi ica iza kugura ivyo biyayuramutwe ikaca ibikwiragiza mu bihugu vya Aziya.

Kubwa Pacifique Nininahazwe ati kukubona abategetsi b’uburundi babonye ko ikibazo cabakomeranye bihutiye kuhagarika abakoreshwa mw’urwo rudandazwa mukugira abategetsi bakomakomeye ntibakorweko canke bamenyekane. Murabo bamaze guhagarikwa harimwo wa murwizatunga w’umunyakenya atwara isosiyete Pona pharmaceuticals hamwe n’abandi babiri bakorana n’ubutegetsi.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments