Monday, September 26, 2022
HomeNewsAbasuma Bibisha Inkoho Bivye Muri Quartier Gasekebuye mu Gisagara ca Bujumbura.

Abasuma Bibisha Inkoho Bivye Muri Quartier Gasekebuye mu Gisagara ca Bujumbura.

Imodoka, amafaranga 1200 yamadolari yamanyamerika, 200 000 fbu, inyabwonko 1, televiziyo yo mubwoko bwa Ecran Plat, isaha zo kwambara zine, impeta zine hamwe n’ama telefone ngendanwa atandatu, ivyo nivyo vyibwe kuru uyu musi wa kabiri mugatondo nk’isaha 12 zo mugatondo muri quartier gasekebuye muri commune Muha mu gisagara ca Bujumbura.

Nkuko ababibonye bavyemeza, akagwi kabantu batandatu bitwaje inkoho binjiye giturumbuka muri iyo nzu bivye maze baca barabisha inkoho ku bari mu nzu bose.

Abo basuma babanje kuboha no gukubita nyene urugo hamwe n’umugore wiwe numuchauffeur wabo. Izo nkozi zikibi zari zifise pistolet, imbugita hamwe na telefone yo mu bwoko bwa Motorola, nkuko uyo muchaufeur abimenyesha.

Amatohoza akaba yatanguye nkuko umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye yabimenyesheje kugira hamenyekane abakoze ubwo bukozi bwikibi.

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...