Abasirikare b’Urwanda baranyuruje umurovyi w’Umurundi mu kiyaga Cohoha

0

Abasirikare b’Urwanda baranyuruje umurovyi w’Umurundi mu kiyaga Cohoha  mu ntara ya Kirundo ku musi wa 1 Mukakaro 2020.

Ivyo vyabereyue muri komine Bugabira, umutumba Kiri nk’uko ubushikiranganji bw’umutekano bwabisize ahabona uyu musi wa 3 Mukakaro 2020.

Uwo yanyurujwe n’igisirikare c’Urwanda akaba yitwa Ndagijimana Sylvestre akaba yanyurujwe nk’isaha imwe n’iminota 30 ku mugoroba.

Mwomenya ko itariki imwe nyene ariho leta y’Uburundi, eka mbere umukuru w’igihigu, Ndayishimiye Evariste, ariho yamenyesha ko hari umusoda w’Uburundi yasize ubuzima mu mishamirano hagati y’Abasirikare b’Urwanda n’Uburundi muri ico kiyaga nyene ca Cohoha mu ntara ya Kirundo.

Mu ndwi twarangije naho, Urwanda rwari rwavuze ko Uburundi bwateye ubumanuko bw’Urwanda mu gace ka Nyaruguru naho Uburundi bwahakanye ivyo vyagirizi vya leta ya Paul Kagame.