Abagenywe kurongora iperereza mu ntara co kimwe n-abagumijweho bose ni abo mu bwoko bumwe bw-abahutu (Pacifique Nininahazwe)

0

Abagenywe kurongora iperereza mu ntara co kimwe n-abagumijweho  bose ni abo mu bwoko bumwe bw-abahutu (Pacifique Nininahazwe)

Pacifique NININAHAZWE 🇧🇮 (@pnininahazwe) / Twitter

Abarongoye iperereza mu ntara zitandukanye z-uburundi baraye bahinduwe. Icibonekeza nuko abavurwa mu mabi y-ihonyangwa ry-agateka ka zina muntu baboneka ko bagumijweho mw-ayo mabanga.  Ikindi nuko yaba abagumijwe mw-ayo mabanga co kimwe n-abo bashasha bazanywe bose ni abo mu bwoko bumwe bw-abahutu. Bivurwa na Pacifique Nininahazwe arongoye isekeza NDONDEZA ry-ishirahamwe FOCODE.

Pacifique NININAHAZWE akavuga ko iumurwi wa mbere uboneka nk-ibicocoro  bidakorwako ku mabi ajanye n-isinzikarizwa ry-ubuzima bwa kiremwa muntu. «Bamwe mu barongoye iperereza mu ntara baheruka guhindurwa, ariko ico tubona nuko abakozi b-iperereza bazwi muvyo guhonyanga agateka ka zina muntu gushika ubu badakorwako ngo babihanirwe» Niko Pacifique Nininahazwe asigura.

Uwo yashinze isekeza NDONDEZA aratanga uburorero bwa bamwe mu bakozi b-iperereza mu ntara babandanya kuvurwa mw-ihohoterwa ry-ubuzima bwa kiremwa muntu aho kubihanirwa babandanya bizerwa kuyobora izindi ntara : Elyphase Niyongabo yahora arongoye iperereza mu ntara ya Mwaro  ubu akaba yahawe kurongora iperereza mu gisagara ca Bujumbura, uwo Elyphase akaba yagiye avurwa  kenshi mw-isekeza NDONDEZA mu mabi atandukanye  harimwo ayo kunyuruza bamwe mu banyagihugu baba bafashwe nawe. Akandi karorero ni ka Salvator Ihorihoze yahora arongoye intara ya Ngozi ubu yahawe kurongora intara ya Bujumbura-Rural, Nuyo Ihorihoze yaravuzwe mu mabi atandukanye y-ihohoterwa rya kiremwa mu ntu mu ntara ya Ngozi.

Abo mu murwi wa kabiri bakaba basa nk-abashasha ariko nabone bavurwa mu mabi atari make ariko ico bose bahuriyeko n-abo bakera kuva mu mwaka w-2016 ni abo mu bwoko bumwe bw-abahutu. Kubwa Nininahazwe Pacifique , abona ko ivyo biza bihonyanga amasezerano ya Arusha yo kunywanisha abarundi hamwe no kugarukana amahoro mu Burundi.