UBM News ads

Abasirikare ba mbere b’Abarundi bagiye kuvanwa muri Somalia ku wa 21 Ruhuhuma 2019.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu gihe hari hakiri impari ku gutahukana abasirikare b’Abarundi bavanwa mu gihugu ca Somalia, ubu ho Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryashize ahabona ko iyo ngingo ari ntabanduka.

Ubumwe bwa Africa bukamenyesha ko umurwi w’abasirikare ba mbere mu basirikare 1000 b’Abarundi bavanwa muri Somalia witezwe gushika ku kibuga c’indege ca Bujumbura ku wa 21 Ruhuhuma 2019.

Iryo tangazo kandi ry’Ubumwe bwa Afrika rikamenyesha ko umurwi wa nyuma w’abo basirikare b’Abarindi witezwe gushika mu Burundi ku wa 26 Ruhuhuma 2019.

Ivyo bibaye uko mu gihe hari hafashwe ingingo ko gushika ku wa 28 Ruhuhuma 2019 abasirikare b’Abarundi bashika 1000 bazoba bavanywe mu Somalia.

Bikaba bigaragaye ko intambara Uburundi bwagwanye busaba ko abo basirikare batotahanwa yabaye impfagusa.

Abo basirikare bakaba bari isoko nyamkuru ry’amafaranga y’agaciro yari acinjira mu gihugu c’Uburundi.

Hakazoca hasigarayo abasirikare b’Abarundi bashika ku 4000 mu gihugu ca Somalia, ariko nk’uko Inama y’Umutekano ya ONU yafashe ingingo, ibihugu vyose bifise abasirikare muri Somalia bitegerezwa kuvanayo abasirikare bavyo kugira Somalia yimenye mu bijanye no gucungera umutekano.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments