Abasirikare 600 b’abarundi bari Somalia boba bagiye gutahukanwa

0

Mu kwezi kwa kigarama 2018,  Ubumwe bwa Afrika bwarafashe ingingo ko abasoda b’abarundi 1000 mu 5000 vy’abasirikare b’abarundi bari mu gihugu ca Somaliya botahukanwa mu ntumbero yo kurekera abasirikare b’abasomaliya kwicungerera umutekano. Ariko iyo ngingo ntiyakiriwe neza n’igihugu c’Uburundi aho cibaza igituma ari abarundi bonyene batahukanwa mu basirikare barenga 21 000 b’ibihugu bitanu biri kugarukana amahoro murico gihugu ca Somalia.

https://www.francetvinfo.fr/monde/afrique/somalie/bujumbura-se-resout-a-laisser-rentrer-de-somalie-un-millier-de-ses-soldats_3211509.html

Uburundi bwaremeye gutahukana abasirikare 400 ariko burabanza kubangira kuri 600 basigaye. Aho hari mu ntumbero yo gusaba ko abo botorwa murivyo bindi bihugu. Harasabwe ko hoba inama y’abakuru b’ibihugu batanze abasirikare ariko Ubumwe bwa Afrika n’Ubumwe bwa Buraya vyavuze kw’iyo ngingo ari ntabanduka.

Abo basirikare babarundi 600 boba bagiye gutangura gutahukanwa kur’uyu wa kane gushika itariki 14 ntwarante. Uburundi bukama bwari bumaze kuburira abasirikare barenga 800 murico gihugu ca Somalia.

https://twitter.com/AnicetNiyonkur1/status/1103022453599756289

Hakazoca hasigara abasirikare 21 600 nabo bitegekanijwe ko bazotaha mu mwaka w’i 2021 kugira babise abasirikare babasomalia bigishijwe ivya gisirikare, Abo nabo bakaba bangana 18.000 ariko nabo, kubabirabira hafi, atabikoresho bikwiye bafise.